Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nuko kur’ uwo musi buhwibiriye, ni wo musi wa mbere w’imisi ndwi, inzugi zāri zugaye ah’ abigishwa bari, kubgo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:19
27 Referans Kwoze  

Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.


Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya,


Kand’ Umwami Nyen’ amahoro ubgiwe, yame abaha amahoro ibihe vyose uburyo bgose. Umwami abane namwe mwese.


Ariko nta n’umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda.


Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


akiyereka Kefa, maz’ akiyereka bamwe cumi na babiri,


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


kandi ni we Aburahamu yagabanirije ikigiracumi muri vyose, irya mbere asobanurwa, ng’ Umwami agororoka, kand’ irya kabiri yitwa Umwami w’i Salemu, risobanurwa, ng’ Umwami w’amahoro.


Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


Amahoro abe muri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


Imana Nyen’ amahoro ibane namwe mwese. Amen.


Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga.


Kukw aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.


nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako.


Kubga bene Data na bagenzi banje Ndavuga, nt’ Amahoro abe muri wewe.


Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:


Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.


ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite