Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mariya Magadalene aragenda, abarira abigishwa inkuru, ati Nabonye Umwami; abadondera ivyo yamubariye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Mariya Magadalena aca aja aho abigishwa bari bari arababwira ati: “Nabonye Umwami!” Aca ababwira ivyo Yesu yamubwiye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:18
7 Referans Kwoze  

Abo bagore ni Mariya Magadalene na Yowana na Mariya nyina wa Yakobo: kandi n’abandi bagore bāri kumwe na bo, babarira intumwa ivyo.


Maze Yesu arababgira, ati Ntimutinye: ni mugende mubgire bene Data ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira.


Ku wa mbere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikūwe ku mva;


Muri bo hārimwo Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yakobo na Yose, na nyina wa bene Zebedayo.


Arikw i ruhande y’umusaraba wa Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite