Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yesu aramuhamagara, ati Mariya. Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo, ati Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:16
26 Referans Kwoze  

Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.


Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza, ati Murondera iki? Baramubgira, bati Rabi (risobanurwa ngo Mwigisha), usembereye hehe?


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Bamubonye hakurya y’ikiyaga baramubaza, bati Mwigisha, waje ino ryari?


Ariko none, uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’ akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’ uwanje.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw ijuru, at’ Ewe Aburahamu, Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi.


Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje.


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi:


Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya.


Nari nsinziriye, arik’ umutima wanje uri maso: Numva ijwi ry’umukunzi wanje aramutsa, Ati Nyugururira, mushikanje, mukunzi wanje, inanuma wanje, mwiza wanje utagira agasembga; Kuk’ umutwe wanje utonzweko n’urume, N’umushatsi wanje utonzweko n’udutonyanga tw’ ijoro.


Mmaze kubarēngāna gato Mbona uwo umutima wanje ukunda; Ndamufata, nanka kumurekura, Kugeza aho namushikanye mu nzu ya mama, Mu nzu y’uwamvyaye.


Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.


Uhoraho yongera guhamagara, ati Samweli! Nuko Samweli aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Na we at’ Eka singuhamagaye, mwananje: subira kuryama.


Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina.


Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge!


Kandi muravyibonera n’amaso yanyu, na mwene mama Benyamini aravyibonera, yukw ari jewe ubganje mvyikūriye mu kanwa.


Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Yesu arayibaza, at’ Ugomba ko ngukorera iki? Ino mpumyi iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwigisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite