Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Baramubaza bati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?” Arabishura ati: “Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:13
13 Referans Kwoze  

Yesu aramubaza, ati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde? Na we yiyumvira kw ar’ umurimyi waho, aramubgira, ati Mugenzi, namb’ ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo.


Yesu aramwishura, ati Duhūriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera.


Maz’ umugabo wiwe Elukana aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga Hana? N’iki kikubuza kurya? Ubabajwe n’iki? Mbega sinkurutira abahungu cumi wovyaye?


Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


agenda ariruka ashikīra Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababgira, ati Bākūye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bāmushize.


Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe.


Arababaza, ati Mbeg’ ivyo mugenda murabazanya n’ibiki? Barahagarara, bijiriwe.


igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Buza ijwi ryawe ryoye kurira, n’amaso yawe yoye gukorora amosozi, kukw ibikorwa vyawe bizokwishurwa, ni k’Uhoraho agize; kandi bazosubira kugaruka bavuye mu gihugu c’abansi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite