Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 20:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ku wa mbere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikūwe ku mva;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Kare mu gitondo ku musi wa mbere w’indwi, mu bucagucagu, Mariya Magadalena yazindutse ku mva asanga ca kibuye cari cugaye imva cakuweho.

Gade chapit la Kopi




Yohana 20:1
19 Referans Kwoze  

Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi.


agishira mu mva yiwe nsha, yari yarimbishije mu bitandara; atembagaza ikibuye kinini acugaza umuryango w’imva, aragenda.


Agura impuzu yera, arakibambūra akizingira mur’ ino mpuzu, agishira mu mva yimbge mu bitandara, atembagaza ikibuye acugaza umuryango w’imva.


Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Arikw i ruhande y’umusaraba wa Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene.


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


Nuko n’ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngw abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabgira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maz’ ubuhumvyi bga nyuma bgoruta ubga mbere.


Ku wa mbere wose w’imisi ndwi, umuntu wese muri mwebge abīke i we ibimuhaye uburyo, nk’ukw atunze, kugira ngw aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa.


Ku wa mbere w’imisi ndwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayāga na bo, agira ngo buce agenda, atevya mu majambo ashitsa mu gicugu.


Muri bo hārimwo Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yakobo na Yose, na nyina wa bene Zebedayo.


Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihomakw ishashara, bayidomamw’ ikimenyetso, abo barinzi babona.


Umusi w’isabato ushize, ku wa mbere w’imisi ndwi, umutwenzi ugomba gutambika, Mariya Magadalene na Mariya wundi baja kurāba imva.


Habaho kunyiganyiga kw’isi gukomeye, kuk’ umumarayika w’Umwami Imana yar’ amanutse ava mw ijuru, araza akūra ca kibuye agitembagaje, acicarako.


Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yar’ isenga yugajwe ikibuye.


Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite