Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umuteretsi yumvirije amazi yāhindutse vino, ntiyamenye iy’ ivuye, arikw abasuku bādashe amazi bari babizi; uwo muteretsi ahamagara umukwe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nuko wa muteretsi yumviriza ya mazi yari yamaze guhinduka umuvinyu. Ntiyari azi aho yavuye, ariko abakozi bayadashe bo bari bahazi. Ni ko guhamagara umukwe,

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:9
6 Referans Kwoze  

Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;


Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.


Ndusha abatāma ubgenge, Kuko nitondeye amateka washinze.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


bamuha vino ivanze n’umuti w’umururazi, ngw ayinywe; ayumvirije yanka kuyinywa.


Arababarira, ati Mudahe ubu nyene, mushīre umuteretsi mukuru. Baramushīra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite