Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Hārih’ impange z’intango zitandatu z’amazi zabājwe mu mabuye, zateretsweho kubg’ ukwihumānura nk’uk’ umugenzo w’Abayuda war’ uri, imwe‐imwe yuzuzwa n’ibibindi bibiri canke bitatu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kujamwo nk’amaritiro ijana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:6
9 Referans Kwoze  

Havyuka ibihāri ku bigishwa ba Yohana n’Umuyuda ku vyo kwihumanura.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,


no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.


Aramwishura, at’ Ingero ijana z’amavuta ya elayo. Na we at’ Abīra icete cawe, wicare vuba, wandike mirongwitanu.


Yesu arababarira, ati Ni mwuzuze izo ntango amazi. Bazuzuza kugeza ku mbiga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite