Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:22
13 Referans Kwoze  

Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.


Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngw Ishaka ry’inzu yawe rizondya.


Nibuka rya jambo ry’Umwami Yesu, uko yavuze, ati Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?


Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.


yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite