Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:2
30 Referans Kwoze  

Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.


Umugore ahambīrirwa ku mugabo wiwe akiriho; arikw iy’ umugabo apfuye, nta kimubuza gucūrwa n’uw’ agomba, mugabo rero, ar’ ūri mu Mwami wacu.


Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.


Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.


Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Ntazosinda, kandi ntazoyogora, Kandi nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu nzira:


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Maze vino ikamye, nyina wa Yesu aramubarira, ati Nta vino bafise.


Hanyuma y’ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina na bene nyina n’abigishwa biwe, amaray’ imisi itari myinshi.


Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngw Ishaka ry’inzu yawe rizondya.


Nukw amaze kuzurwa mu bāpfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.


Hanyuma y’ivyo Yesu ajana n’abigishwa biwe mu gihugu c’i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza.


(ariko Yesu ubgiwe si we yabatiza, bār’ abigishwa biwe),


Kukw abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya.


Abigishwa barabazanya, bati Mbega har’ uwamuzaniye ivyo kurya?


Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubgira,


Bamaze guhāga, abgira abigishwa biwe, ati Ni mutororokanye utumanyagu tw’ imisigazwa, hoye kugira igipfa ubusa.


Buhwibiriye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga,


Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?


Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.


Yesu abaza bamwe cumi na babiri, ati Mbega namwe muragomba kwīgīra?


Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.


Yavuga Yuda Isikaryota, mwene Simoni, kukw ari we yagira az’ amugure, yar’ uwo muri bamwe cumi na babiri.


Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite