Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abariko baragurisha inuma arababwira ati: “Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:16
17 Referans Kwoze  

Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Non’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mbeg’ ihindutse nk’isenga ry’abambuzi mu maso yanyu? Erega jewe ni jewe ubganje navyiboneye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Arigisha arababgira, ati Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.


Yesu arabishura, ati Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha.


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe.


Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n’intama n’inka, asēsa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite