Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n’intama n’inka, asēsa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Yesu atora imigozi ayitsibamwo ikimoko, yirukana abantu bose mu rusengero, asohora n’intama n’inka, asanzaza ibiceri vy’abavunja amafaranga, atembagariza n’imeza zabo hasi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:15
7 Referans Kwoze  

kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,


Amaze kubabarira, ati Ni jewe, bagenza imigongo, bagwa hasi.


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Asanga mu rusengero abadandarizah’ inka n’intama n’inuma, n’abavunja amahera bicaye.


Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.


Maz’ abasoda baca imigozi ifashe akāto, ngo bakareke gakoroke.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite