Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kandi Pasika y’Abayuda yari hafi; Yesu adūga i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:13
14 Referans Kwoze  

Kand’ uk’ umwaka utashe, abavyeyi biwe bāja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.


Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.


Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.


Kandi Pasika, imisi mikuru y’Abayuda, yari hafi.


Hanyuma y’ivyo haba imisi mikuru y’Abayuda; Yesu adūga i Yerusalemu.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Birambabaza cane, ni co catumye nshibagurira hanze ibintu vyose vya Tobiya vyari mur’ ico cumba,


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Bashika i Yerusalemu. Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo n’abaruguriramwo, ahenura ameza y’abāvunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma,


Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abārudandarizamwo,


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite