Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Hanyuma y’ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina na bene nyina n’abigishwa biwe, amaray’ imisi itari myinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.

Gade chapit la Kopi




Yohana 2:12
12 Referans Kwoze  

Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.


Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa?


Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.


Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,


batambukira mu bgato, bajabuka baja hakurya y’ikiyaga i Kaperinawumu. Bgateranye Yesu atarabashikīra;


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe.


Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite