Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 asubira kwinjira mw iboma, abaza Yesu, at’ Ur’ uwa hehe? Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:9
18 Referans Kwoze  

Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda?


ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.


Yesu arabishura, ati Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje n’iy’ ukuri, kuko nzi iyo navuye, n’iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye cank’ iyo nja.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro, canke nk’ukw intama itekerereza imbere y’abayikemura, ni kw atākūyek’ umunwa.


Uwo mugore aragenda, abibarira umugabo wiwe, at’ Umuntu w’Imana yaje aho ndi; kandi mu maso hiwe hāsa n’ah’ umumarayika w’Imana, kandi hateye ubgoba cane. Ariko sinamubajije iy’ avuye, na we ntiyambgiye izina ryiwe.


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Maz’ abasoda b’ico cēgēra ca Kayisari bajana Yesu mw iboma, bateraniriza ingabo zose kuri we.


Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.


Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.


Yesu ati Mbeg’ ivyo ubibajije kubgawe, canke n’abandi bakubariye ivyanje?


Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya;


Nuko Pilato aramubaza, ati Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bgo kukurekura, kandi mfise ububasha bgo kukubamba?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite