Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:7
14 Referans Kwoze  

Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.


Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu.


Umugabisha w’abasoda ijana yar’ ahahagaze bahanganye, abonye acīkānye artyo, aravuga, ati N’ivy’ ukuri, uyu muntu yar’ Umwana w’Imana.


At’ Arik’ umuvugishwa azohāngāra kwigenera ijambo ntamugeze kuvuga, akarivuga mw izina ryanje, cank’ akagira ico avuga mw izina ry’izindi mana, uwo muvugishwa azobizira apfe.


N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’ uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’ Imana, akicurikirizwa n’akabonge.


Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya;


bat’ Uyu muntu yemeza abantu gusenga Imana uburyo bunyuranye n’ivyagezwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite