Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c’amahwa na ya mpuzu y’inyambarabami. Pilato arababgira, at’ Ehe rāba uwo muntu!

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: “Ng’uwu wa muntu!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:5
8 Referans Kwoze  

Abasoda na bo batsiba igitsibo c’amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu y’inyambarabami.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Ariko none, uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’ akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’ uwanje.


Yewe ubarira Siyoni ubutumwa bgiza, dūga umusozi muremure; yewe ubarira Yerusalemu ubutumwa bgiza, semerera cane ushimitse; semerera, ntutinye; ubgire ibisagara vy’i Buyuda, ut’ Eh’ Imana yanyu!


Yemwe mwese abīhitira, mbega nta co murushe muvyibazako? Enda ni mwitegereze, murābe ko hoba umubabaro uhwanye n’uyu wanje wanshitseko, Uwo Uhoraho yambabarishije ku musi w’uburake bgiwe bg’inkazi.


batsiba igitsibo c’amahwa, bakimwambika mu mutwe, bashira n’irenga mu kuryo kwiwe; baramupfukamira, baramucurīra, bati Ndagize bgakeye Mwami w’Abayuda!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite