Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 aho ni ho bāhamvye Yesu, kuko war’ umusi wo kwitegura kw’ Abayuda, kand’ iyo mva ikaba hafi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Kubera wari umusi wo kwitegurira Isabato y’Abayuda, kandi iyo mva ikaba yari hafi, Yosefu na Nikodemu baciye baryamika ikiziga ca Yesu muri iyo mva.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:42
10 Referans Kwoze  

Uwo musi war’ uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngw abābambge ntibagume ku misaraba kw isabato, kuk’ uwo musi w’isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngw amaguru yabo avunwe, kandi ngo babambūrwe.


War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu.


Kand’ aho hantu yabambge hār’ itongo; kandi mur’ iryo tongo hār’ imva nsha itarahambgamw’ umuntu;


Bāgeze kw ahambga hamwe n’abanyavyaha, asangira imva n’umutunzi mu gupfa kwiwe; nah’ ata kibi yakoze, kand’ ata guhemana kwari mu kanwa kiwe.


kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.


agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;


Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva.


Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambge hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Intege zanje zumye nk’urujo, Ururimi rwanje rufatanye n’ uruhekenyero; Kand’ unshize mu mukungugu w’urupfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite