Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maze Pilato asubira gusohoka, arababgira, at’ Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: “Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:4
16 Referans Kwoze  

Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.


Pilato aramubaza, ati Mbeg’ ukuri n’iki? Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja ah’ Abayuda bari, arababgira, ati Jewe nta gicumuro mbonye kuri we.


Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.


Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.


Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite