Yohana 19:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)30 Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe30 Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana. Gade chapit la |
Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.
Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.