Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arikw i ruhande y’umusaraba wa Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:25
10 Referans Kwoze  

Abazinanyi na Yesu bose n’abagore bāri bavanye i Galilaya na we bāri bahagaze kure barāba ivyo.


Ku wa mbere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikūwe ku mva;


Umwe muri bo yitwa Kileyopa aramwishura, ati Mbega ni wewe gusa watse indāro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo mur’ iyi misi?


n’abagore bamwe bākijijwe impwemu mbi n’indwara, Mariya ari we Magadalene, abadayimoni ndwi bāri baramuvuyemwo,


kandi nawe inkota izogucumita mu mutima, ngw ivyiyumviro vy’imitima myinshi bize biserurwe.


Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi.


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite