Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Nuko baravugana, bati Twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye. Kwar’ ukugira ngw ivyanditswe bishike, ngo Bagabuye impuzu zanje, Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni kw abasoda babikoze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:24
13 Referans Kwoze  

Bagabura impuzu zanje, Bapfindira umwambaro wanje.


Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.


Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha:


None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka),


Arikw ivyo si we avyituma ubgiwe, kandi si vyo yiyumvira mu mutima wiwe; arikw ikiri mu mutima wiwe n’uguhonnya, no kumara amahanga atari make.


urwano rw’aho gucisha umutwe ruze rusaturwe muri wo hagati, kand’ urwo rwano ruze rutērwekw akandi kajishano kameze nk’umusōzo karukīkūze, rube nk’urwano rw’ikanzo y’icuma, kugira ngo ntiruze rucike.


Bamaze kumubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira,


Baramubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira, ngo bamenye iyo umuntu wese atwara.


Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Vyabaye nk’ukw ijambo Uhoraho yari yarabariye Yehu ryāvuze, rit’ Abana bawe bazokomeza ku ngoma mu Bisirayeli gushitsa ku mwuzukururuza wawe. Nuko birashika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite