Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo: yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda.

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:19
14 Referans Kwoze  

Hejuru y’umutwe wiwe bahashira ikirego ciwe, canditswe ng’ UYU NI YESU, UMWAMI W’ABAYUDA.


Hejuru yiwe kandi hār’ icandiko canditswe, ng’ UYU N’UMWAMI W’ABAYUDA.


Icandiko c’ikirego candikwa hejuru yiwe ng’ UMWAMI W’ABAYUDA.


War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu.


Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.


Nukw Abaherezi bakuru b’Abayuda babgira Pilato, bati Nta co wandika ng’ Umwami w’Abayuda, arik’ uti Yivuze ngo Ni jewe Mwami w’Abayuda.


Uhereye aho Pilato arondera uburyo bg’uko yomurekura, arikw Abayuda barasemerera, bati Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’ uwīgira umwami wese aba agararije Kayisari.


Baramwēgēra, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda. Maze baramubīngūra.


Nuko Pilato asubira mw iboma, ahamagaza Yesu, aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda?


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


Nanje ubganje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.


Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.


Barayibgira, bati Ni Yesu Umunyanazareti ahita.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite