Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:17
23 Referans Kwoze  

Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z’ibibi, umwe i buryo bgiwe, uwundi i bumoso.


Ūtikorera umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, bamukorera umusaraba, ngw awikorere akurikiye Yesu.


bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli.


Kristo Umwami w’Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene, tubibone twizere. N’abāri babambanywe na we na bo baramutuka.


Hejuru yiwe kandi hār’ icandiko canditswe, ng’ UYU N’UMWAMI W’ABAYUDA.


Abgira bose, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire.


Icandiko c’ikirego candikwa hejuru yiwe ng’ UMWAMI W’ABAYUDA.


Yesu amwitegereje aramukunda, aramubgira, at’ Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’ utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire;


Hejuru y’umutwe wiwe bahashira ikirego ciwe, canditswe ng’ UYU NI YESU, UMWAMI W’ABAYUDA.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


Kand’ ūtikoreye umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntaba ankwiye.


maz’ abo bantu babiri b’inshirukanya baraza bamwicara imbere, bāgiriza Naboti ngaho imbere y’ abantu, bati Naboti yarogose ku Mana no ku mwami. Maze baca bamukūra mu gisagara, bamwicisha amabuye.


ati Jana uwatukanye inyuma y’aho mushagaje, abamwumvise bose aho yatukana bashire ibiganza vyabo ku mutwe wiwe: ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.


Aburahamu yābīra za nkwi zo kwosa ikimazi, azikorera Isaka umwana wiwe; na we yitwarira umuriro n’imbugita; nuko bompi barajana.


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite