Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!” Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:15
9 Referans Kwoze  

Ariko bose basemererera icarimwe, bati Kūrah’ uyo, uturekurire Baraba.


Baramwumviriza gushitsa kur’ iryo jambo: maze basemerera n’ijwi rirenga, bati Kūra ūmeze artyo mw isi, na kare ntiyar’ abereye kubaho.


kukw ishengero ry’abantu ryābaja inyuma, basemerera, bati Kūrah’ uyo.


Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Nuko Pilato arababgira, ati Ni mumujane mwebge, mumucire urubanza nk’ukw ivyagezwe vyanyu bivuga. Abayuda baramwishura, bat’ Erega twebge ntitwemererwa kwica umuntu.


non’ utubgire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?


kandi naho bābuze inyanduruko yo kumwicisha, basaba Pilato kw amwica.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite