Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hari nk’isaha zitandatu ku musi wo kwitegurira Pasika. Nuko Pilato abwira Abayuda ati: “Ng’uwu umwami wanyu!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:14
12 Referans Kwoze  

Bukeye bgaho, ni wo musi wakurikira uwo Kwitegura, abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato,


Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c’amahwa na ya mpuzu y’inyambarabami. Pilato arababgira, at’ Ehe rāba uwo muntu!


aho ni ho bāhamvye Yesu, kuko war’ umusi wo kwitegura kw’ Abayuda, kand’ iyo mva ikaba hafi.


Igihe bāmubamba zar’ isaha zitatu.


Baramwēgēra, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda. Maze baramubīngūra.


War’ umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike.


Bugorovye, kuko war’ umusi wo Kwitegura, ni wo musi utangurira isabato,


Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.


Kandi hāri nk’isaha zitandatu, ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa mw isaha y’icenda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite