Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata).

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:13
16 Referans Kwoze  

Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya;


Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya.


Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.


Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?


Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.


Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


Maz’ umwami Zedekiya yishura Yeremiya, ati Ntinya Abayuda bāmaze kwisaba Abakaludaya, kuko bobampa bakanshinyagurira.


Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota;


Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambge hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite