Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 19:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nuko Pilato aramubaza, ati Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bgo kukurekura, kandi mfise ububasha bgo kukubamba?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Pilato aramubaza ati: “Ni kuki utanyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura canke kukubamba?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 19:10
5 Referans Kwoze  

Ariko musanganywe umugenzo ko mbarekurira umwe mu misi ya Pasika: none muragomba ko mbarekurira umwami w’Abayuda?


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


asubira kwinjira mw iboma, abaza Yesu, at’ Ur’ uwa hehe? Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite