1 Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha.
1 Nuko Pilato afata Yesu ategeka ko bamutonagura.
Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza.
kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, abambge, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.
Abankubita nabategeye ibitugu, n’imisaya ndayitegera abammomora ubganwa; kandi mu maso hanje sinahakinjishije gutēterezwa no gucirwakw amate.
Nuko ndamukubita, ndamurekure. [
kandi bazomutonagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka.
Ariko barīhambīra bavuga n’amajwi arenga, bamusaba kw abambga, amajwi yabo aramunesha.
Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;
Abarimyi bārimye ku mugongo wanje: Bāhaciye imikuku miremire.
Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.
Abandi bāgeragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bāshirwa mu ngoyi no mu mabohero:
Abayuda ibihe bitanu bankubise ibimoko mirongwitatu n’icenda.