Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza, ati Murondera nde?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:4
27 Referans Kwoze  

Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Na we asubira kubabaza, ati Murondera nde? Na bo bati Yesu Umunyanazareti.


Wammenyesheje inzira z’ubugingo, Mu nyonga hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza.


Nah’ ingabo zosagaza ngo zintere, Umutima wanje ntiwotinya; Nah’ intambara yovyuka ikandwanya, No muri yo norema.


Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.


Kuko yar’ azi ūzomugura uw’ ari we; ni co catumye avuga, ati Ntimukeye mwese.


Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Maze Yesu arababgira, ati Mwebge mwese mur’ iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.


Bariko bararya, arababgira, ati Ndababgira ukuri yuk’ umwe muri mwebge agira angure.


ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Sinzotinya abantu ibihumbi vyinshi Vy’abankikije impande zose kugira ngo bantere.


Nanje ndamwishura, nti Mbeg’ umuntu nkanje nohunga? Kand’ umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ngo yikize? Eka sinjayo!


Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana yawe, nta hanga na rimwe cank’ igihugu, databuja atātumye kukurondereramwo; bahakanye k’utariyo, yaciye yaka indahiro abami b’ivyo bihugu cank’ ayo mahanga ko bakubuze koko.


Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,


Na bo baramwishura, bati Yesu Umunyanazareti. Arababgira, ati Ni jewe. Kandi Yuda, amugura, yar’ ahagararanye na bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite