Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:3
15 Referans Kwoze  

Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


Impfizi nyinshi zirankikije, Impfizi z’ubukombe z’i Bashani zintaye hagati.


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.


Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata.


Abashumba n’abagendanyi bāri bahagaze bacanye umuriro w’amakara, kuko hār’ imbeho, bariko barōta; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yōta.


Avuze artyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi, at’ Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?


Maz’ abaherezi bakuru n’abagendanyi bamubonye, barasemerera, bati Mubambe, mubambe. Pilato arababgira, ati Ni mube ari mwebge mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite