Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Umwe mu bashumba b’umuherezi mukuru, yar’ incuti y’umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza, ati Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Umwe mu bagurano b’umuherezi mukuru yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi aramubwira ati: “Wewe sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:26
7 Referans Kwoze  

Simoni Petero yari n’inkota, arayisokōra, aca ugutwi kw’i buryo kw’umuntu w’umuherezi mukuru: uwo muntu yitwa Malikusi.


Yesu avuze ivyo, avanayo n’abigishwa biwe afata hakurya y’umugezi witwa Kidironi; aho hār’ itongo: ashikaho, bo n’abigishwa biwe.


Hahise akanya, abahagazeho baramwēgēra, babgira Petero, bati N’ivy’ ukuri nawe ur’ uwo muri bo; bitayeko n’imvugo yawe iraguhinyuza.


Umunwa w’ukuri uzokomezwa gushitsa ibihe bidashira, Arik’ ururimi rw’ibinyoma n’urw’ akanya gato.


Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubgira, ati Nawe nyene ur’ uwo muri bo. Petero aramwishura, at’ Eka wa muntu, si jewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite