Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Abashumba n’abagendanyi bāri bahagaze bacanye umuriro w’amakara, kuko hār’ imbeho, bariko barōta; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yōta.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Kubera hari hakanye, abakozi n’abarinzi baciye bacana umuriro, bahagarara i ruhande yawo bota. Petero na we nyene ahagararana na bo yota.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:18
16 Referans Kwoze  

Petero amuja inyuma barenga arenguka, ashika imbere mu rugo rw’umuherezi mukuru; yicarana n’abagendanyi yota umuriro.


Simoni Petero yar’ ahagaze yōta; nuko baramubaza, bati Mbega nawe uri mu bigishwa biwe? Na we arahakana, at’ Oya, sindimwo.


Bafashe i musozi, babonah’ umuriro w’amakara n’ifi zigeretseko, n’umutsima.


abonye Petero yota umuriro, aramwitegereza, aramubgira, ati Nawe nyene mwari kumwe na wa Munyanazareti Yesu.


Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.


Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, Adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, Aticarana n’abacokoranyi.


Mushaha wanje, ntukaje mu nama zabo; Mutima wanje, ntugafatanye n’ikoraniro ryabo: Kuk’ uburake bgabo bgabateye kwica abantu, Bagatema n’ibitsi vy’inka kugira ngo bīmare ishavu.


Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.


Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babīgānira ivyo abaherezi bakuru n’abakuru bababgiye vyose.


Ashitseyo, yinjira mw isenga, abaho; maz’ ijambo ry’Uhoraho rimuzako, riramubaza, rit’ Ukora iki hano ga Eliya?


Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi.


Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite