Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha,

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:12
17 Referans Kwoze  

Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.


Abāfashe Yesu bamujana kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe bāri bakoraniye.


Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?


Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w’abagabisha b’abasoda yukw abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.


Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka.


Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.


Bajana Yesu ku muherezi mukuru, abaherezi bakuru bose n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoraniraho.


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


Maz’ Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso, bamumanukana i Gaza, bamufatisha iminyororo y’imiringa, bamugira umusyi mu nzu y’imbohe.


Bashika ahantu Imana yamubariye; Aburahamu ahubaka igicaniro, akinyuranyako za nkwi, aboha Isaka umwana wiwe, amurambika kur’ ico gicaniro hejuru y’inkwi.


Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.


Uhoraho ni we Mana, kandi yaduhaye umuco; Muboheshe ikimazi imigozi, Mukijane ku mahembe y’ igicaniro.


Abashirisha mw ibohero ryari mu rugo rw’uwaganza abashibamyi, aho Yosefu yar’ arindiwe.


Maz’ abasoda b’ico cēgēra ca Kayisari bajana Yesu mw iboma, bateraniriza ingabo zose kuri we.


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite