Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maze Yesu abarira Petero, ati Subiza inkota mu rwubati: mbeg’ igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:11
22 Referans Kwoze  

Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Yesu arishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko? Na bo bati Turashobora.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,


ati Data, asangw’ ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba.


mw ijambo ry’ukuri, mu bushobozi bg’Imana, dufise ibirwanishwa vy’ukugororoka vyo mu kuryo n’ivyo mu kubamfu;


Yesu aramwishura, at’ Ubgami bganje s’ubgo mur’ iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ ubgo mur’ iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ ubgami bganje s’ubg’ ino.


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


Kukw ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mukena ivyo.


Watoye inzira ya mukurwawe, ni co gituma igikombe ciwe ngira ndagishire mu kuboko kwawe.


Kuko mu ntoke z’Uhoraho har’ agakarabo, karimwo vino ibira: Kuzuye vino ituriranije, arayisuka: N’ukuri abanyakibi bo mw isi bazokwīrāngūza urukoma rwayo, barunywe.


Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite