Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 18:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yesu avuze ivyo, avanayo n’abigishwa biwe afata hakurya y’umugezi witwa Kidironi; aho hār’ itongo: ashikaho, bo n’abigishwa biwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu ahejeje gusenga, ajabuka umwonga wa Kidironi ari kumwe n’abigishwa biwe, maze baja mw’itongo ryari hakurya.

Gade chapit la Kopi




Yohana 18:1
25 Referans Kwoze  

Maze bashika ahantu hitwa i Getsemane, abarira abigishwa biwe, ati Ba muricaye hano, mbanze nje gusenga.


Maze Yesu ashikana na bo ahantu hitwa i Getsemane, abgira abigishwa biwe, ati Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga.


Igihugu cose kirarira kiraboroga abantu bose bakiriko barajabuka; umwami na we aca arajabuka uwo mugezi Kidironi. Nukw abantu bose ni kwo kujabuka; bagenda batumbereye inzira ija mu bugaragwa.


Umwe mu bashumba b’umuherezi mukuru, yar’ incuti y’umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza, ati Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?


ariko n’ukugira ngw ab’ isi bamenye ko nkunda Data, kand’ uko Data yangeze kw ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende.


Kand’ umwonga wose uhambgamw’ imivyimba ugatābgamwo n’umunyota, n’indimiro zose ukarinda ushitsa ku mugezi Kidironi, ugashitsa no ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi aherekeye i burasirazuba, hose hazoba ahēra h’ Uhoraho; ntihazokwongera guhomvorwa ngo hasangangurwe gushitsa ibihe bidashira.


Bakūra hasi, bakūrah’ ibicaniro vyar’ i Yerusalemu, n’ibicaniro vyose vyo kwoserezakw imibavu, babita mu mugezi Kidironi.


Kand’ umwami Asa yirukana inakuru Mayaka mu bugabekazi, kuko yabājishije igishushanyo c’ubuyobe ngo kibe Ashera; asitura ubgo buyobe bgiwe, aragisya gihinduka ishingwe, agituririra ku mugezi Kidironi.


Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.


Akūra n’igishushanyo ca Ashera mu ngoro y’Uhoraho, akijana inyuma y’i Yerusalemu ku mugezi Kidironi, agituririra kur’ uyo mugezi Kidironi nyene, aragisyokora, gihinduka ifu, iyo fu ayimijurira ku mva z’abantu ba nyarucari.


Mbere yirukana na inakuru Mayaka mu bugabekazi, kuko yabājishije igishushanyo c’ubuyobe ngo kibe Ashera; asitura ubgo buyobe bgiwe, agituririra ku mugezi Kidironi.


Ni co catumye Uhoraho Imana amukūra mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aje kurima ivu yakūwemwo.


Bahejeje kuririmba, barasohoka, baja ku musozi wa Elayono.


Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono.


Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aririme, arizigame.


Umusi wayivuyemwo, ukajabuka umugezi Kidironi, umenye neza k’ utazobura gupfa; amaraso yawe azoba ari wewe aja ku mutwe.


Maz’ umwami abarira Hilukiya umuherezi mukuru, n’abaherezi b’urugero rwa kabiri, n’abarinzi b’imiryango, gusohora mu rusengero rw’Uhoraho ibintu vyose vy’imbombovu vyakorewe Bayali n’ivya Ashera n’ivy’ ingabo zose zo kw ijuru ari zo nyenyeri; abituririza inyuma y’i Yerusalemu, mu mirima yo kuri Kidironi, umunyota wavyo avuga ko bawujana i Beteli.


Abaherezi baja haruguru mur’ iyo ngoro y’Uhoraho kugira ngo bahahumanure, ibihumanya vyose basanze mur’ urwo rusengero rwiwe babisohora mu rugo rw’iyo ngoro yiwe. Abalewi baraheza baravyābīra, babijana hirya ku mugezi Kidironi.


Nukw iryo joro nyene nsubira kudūgana akagezi, nkomeza kugenda nitegereza inzitiro, ndaheza ndakevya nsubira guca muri rya rembo rija ku mwonga; nuko ndataha.


Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.


Mubicemw’ utumanyu, mudusukekw amavuta ya elayo: iryo rizoba ribaye ishikanwa ryo mw ifu.


Ni muvyuke, tugende: eh’ ūnguze ari hafi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite