Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ndabasabira; sinsabira ab’ isi, ariko nsabira abo wampaye, kukw ar’ abawe;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ndabasengeye; sinsengeye isi, ariko nsengeye abo wampaye, kuko ari abawe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:9
17 Referans Kwoze  

Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ ijambo ry’aba,


ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,


Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Abāziragira babibonye barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi.


Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.


Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


Kand’ ic’ uwantumye agomba ngiki: agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nze nkizure ku musi w’iherezo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite