Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:8
31 Referans Kwoze  

Nabahaye ijambo ryawe; kand’ ab’ isi barabanka, kukw atar’ ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi.


Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.


Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.


Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo mbabgira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.


Kukw ivyo ntabivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura.


Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,


Kwigishwa gukora ibiroranye mu bgenge, Mu kugororoka, mu kwitegereza neza no mu gutunganya;


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgākīra, kandi mukabuhagararamwo,


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi:


Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.


Mwākīre inyigisho zanje, si nk’ifeza, Mwākīre n’ukumenya kurusha izahabu z’indobanurwa.


Kukw ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’ Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima,


Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri.


Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


Mwana wanje, ni wumve, wemere amajambo yanje, Ni ho imyaka y’ukubaho kwawe izoba myinshi.


Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, Ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe,


Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite