7 None bamenye yukw ivyo wampaye vyose biva kuri wewe:
7 Ubu barazi ko ivyo mfise vyose vyavuye iwawe,
Ivyo Data afise vyose n’ivyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yābīra ku vyanje, akabibamenyesha.
kand’ ivyanje vyose n’ivyawe, n’ivyawe na vyo n’ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo.
Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.
Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.
Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.
kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.