Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:5
20 Referans Kwoze  

Uwo yamenywe n’Imana kera, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw iherezo ry’ibihe kubganyu,


Jewe na Data tur’ umwe.


Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako:


Kandi iti Ni wewe, Uhoraho, mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’intoke zawe.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


kand’ ubgo bugingo bgarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ ubgo bugingo budashira, bgamanye na Data wa twese, tukabgerekwa —


Yesu avuze ivyo, arangamiza mw ijuru, ati Data, igihe kirashitse: shimagiza Umwana wawe, ng’ Umwana agushimagize;


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite