Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:4
13 Referans Kwoze  

Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.


ariko n’ukugira ngw ab’ isi bamenye ko nkunda Data, kand’ uko Data yangeze kw ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende.


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Ndababgire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharūranywe n’abanyabicumuro. Kukw ivyanje bigira bishike.


Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite