15 Singusaba ng’ ubakūre mw isi, ariko ng’ ubarinde wa Mubi.
15 Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.
Uhoraho azokurinda ikibi cose; Ni we azozigama ubugingo bgawe.
Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.
Ariko, Umwami n’uwo kwizigirwa, ni we azobashinga neza abarinde wa Mubi.
yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese.
kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]
Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli, at’ Icompa ukampa umugisha, ukūngura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira, ukandinda ivyago, singorwe! Nukw Imana imuha ivyo yasavye.
uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.
Nti Mbeg’ amaraso yanje azomara iki, ni namanuka nkaja muri rwa rwobo? Non’ umukungugu uzoguhimbaza? Mbeg’ uzokwatura ukuri kwawe?
Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.
Umugororotsi arikw araherengetera, kandi nta wubishirak’ umutima; abubaha Imana bariko barakūrwaho, kandi nta wubibabaye. Umugororotsi akūwe mu vyago,
umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.
Arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.
Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.
ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.
Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.