Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:11
48 Referans Kwoze  

Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu.


Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose:


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.


Yesu yar’ azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi kw agira asubire ku Mana,


bikaba nk’uk’ umuriro ufata inyabara, kandi nk’uk’ umuriro ubiza amazi: kugira ngw izina ryawe rimenyekane mu bansi bawe, amahanga ahindire agashitsi imbere yawe.


Dutabare Mana y’agakiza kacu, kubg’ icubahiro c’izina ryawe: Uturokore, utwikire ivyaha vyacu kubg’ izina ryawe.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.


natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’ umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese n’urugingo rwa mugenzi we.


Kukw ivyanditswe vyabgiye Farawo, ngw Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ ubushobozi bganje, kandi ngw izina ryanje rivugwe hose mw isi yose.


Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.


Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Kandi muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, ni namara kugira ico mbakorera kubg’ izina ryanje, kidahwanye n’ingeso zanyu mbi, cank’ ibikorwa vyanyu bihumanye, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Yamara nagaruye ukuboko kwanje, ndwanira izina ryanje ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga, ari yo nyene yabahanze amaso igihe nabakūrayo.


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Kubg’ izina ryawe ntutwanke urunuka; ntutītūze ingoma y’icubahiro cawe: n’utwibuke, ntiwice isezerano wasezeranye natwe.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Jewe Uhoraho, ni jewe ndaruzigama; nzohora ndaruvomera akanya kose: nzoruzigama ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntihagire ikirwona.


Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro, no mu mutwe yambaye imigāra myinshi, kand’ afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite