Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 kand’ ivyanje vyose n’ivyawe, n’ivyawe na vyo n’ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Abanje bose ni abawe, kandi abawe bose ni abanje. Kandi icubahiro canje kigaragarira muri bo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:10
16 Referans Kwoze  

Jewe na Data tur’ umwe.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


Kuko muri we ari ho haba ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bg’umubiri.


kugira ngw izina ry’Umwami wacu Yesu rishimagizwe muri mwebge, namwe mushimagizwe muri we, nk’uk’ ubuntu bg’Imana yacu n’ubg’ Umwami Yesu Kristo buri.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.


ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.


nuko bahimbaza Imana kubganje.


Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite