Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 17:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yesu avuze ivyo, arangamiza mw ijuru, ati Data, igihe kirashitse: shimagiza Umwana wawe, ng’ Umwana agushimagize;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.

Gade chapit la Kopi




Yohana 17:1
20 Referans Kwoze  

Yesu arabishura, at’ Igihe kirageze c’uk’ Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.


Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.


Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw ijuru.


Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Imisi yose nāmana namwe mu rusengero ko mutāramvuye amaboko ngo mumfate; arikw iki n’igihe canyu n’ic’ ububasha bg’umwiza.


Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.


Ndanihīra nk’intamba ijwigira, canke nk’inyanana yānāga, Nkaniha nk’inuma iguguza; amaso yanje yaheze hejuru; Uhoraho, ndegeranijwe: nyishinga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite