Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ukugororoka hamwe n’urubanza.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:8
10 Referans Kwoze  

kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Ariko bose iyo bavugishwa n’Imana, hakinjiramw’ ūtizera cank’ umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose,


Na bo bavyumvise basohoka isorōsoro, uhereye k’ūkuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yar’ ahagaze hagati.


Ni nde muri mwebge yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, n’iki gituma mutanyemera?


Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.


ivy’ icaha, kuko batānyizeye,


Arikw imibembe ni yasēsa ku mubiri, ikarangiza umubiri wose w’uwafashwe n’iyo ndwara, uhereye ku mutwe ugashitsa ku birenge, ah’ umuherezi ageza amaso hose;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite