Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:3
17 Referans Kwoze  

Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Na bo baramubaza, bati So ari hehe? Yesu arabishura, ati Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.


Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’ urukundo.


Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro.


Ūnyanka aba yanka na Data.


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko.


Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite