Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ivyo mbibabgiriye mu migani, arikw igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabgira ivya Data mbifoboye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:25
19 Referans Kwoze  

Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.


Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababgira ivy’ ari vyo.


Kand’ arababaza, ati Ntimuzi uwo mugani? Non’ imigani yose muzoyitahura mute?


Ndateranura akanwa kanje, nce imigani, Ndavuga amajambo apfinze ya kera.


Ndabangira ugutwi umugani, Ubupfindo bganje ndabupfindurisha inanga.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.


No ku gutahura umugani n’ikigereranyo, N’amajambo y’abanyabgenge n’ubupfindo bgabo bapfinda.


Maze ndavuga, nti Yō! Ewe Mwami Uhoraho! Erega baramvuga, ngo Mbeg’ uyo si gacamigani?


Kand’ atabaciriye umugani nta co yababgira, ariko yihereranye n’abiwe bigishwa akabibasobanurira vyose.


Avuga iryo jambo adakingitiranije. Petero aramwihererana, atangura kumwāmira.


Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat’ Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite