Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:23
22 Referans Kwoze  

Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.


Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.


Kur’ uwo musi muzosaba mw izina ryanje, kandi simbabgira ngo nzobasabira Data.


Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.


kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe.


Bana banje bato, mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi,


Toma aramubgira, ati Mugenzi, ntituzi iy’ uja, dushobora dute kumenya inzira?


Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza, ati Mbega mubazanya ic’ ari co, ko mbabariye nti Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, nti Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?


Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.


Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite