Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Iyo umugore agira yibaruke, agira umubabaro mwinshi kuko igihe ciwe co kwibaruka gishitse; ariko iyo umwana amaze kuvuka, yibagira wa mubabaro wiwe kuko anezerejwe no kubona ikibondo kivutse mw’isi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:21
18 Referans Kwoze  

Uwari yaragumbashe amuha kwubaka urugo, Ari nyina w’abahungu anezerewe. Haleluya!


Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe.


Kuko handitswe, ngo Nezerwa, yewe mugore w’ingumba utavyara, Turika, usemerere, wewe utaramukwa, Kukw abana b’intābga ari benshi, baruta ab’ ūfise umugabo.


Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.


Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.


Siyoni hatararamukwa haravyara, ibise bitaraza havyara umwana w’umuhungu.


None se n’iki gituma uvuza induru? Mbega nta mwami ari muri wewe? Canke se umujanama wawe yapfuye, kw ibise bigufashe nk’umugore aramutswe?


Kuk’ uzokwibagira umubabaro wawe, Uzowibuka nk’amazi yatemvye;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite