Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 16:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 16:2
27 Referans Kwoze  

Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko kubg’ Abafarisayo ntibāvyatura, kugira ngo boye gucibga mw isinagogi,


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


iyo batwambika ibara turabahōyahōya. Twahindutse umwavu w’isi, n’udukokorwa kuri bose gushitsa n’ubu.


aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.


Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.


Baramwishura, bati Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha? Bamuhindira hanze.


bakavuga, bati Hagarara ukwawe, ntunyegēre, kuko jewe nkurusha kuba uwejejwe. Ben’ abo bambera umwotsi wo mu mazuru, n’umuriro wīriza umusi waka.


Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.


Yesu aramubgira, ati Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kur’ uyu musozi cank’ i Yerusalemu muzosengera Data.


ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.


Kand’ abari n’ubgenge bo mu bantu bazokwigisha benshi; ariko bazokwicwa n’inkota n’umuriro no gushumikwa no kuba inyagano kumara igihe.


Arikw igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.


Ivyo mbibabgiriye mu migani, arikw igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabgira ivya Data mbifoboye.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


Maz’ abantu bo mur’ ico gisagara babarira Yowasi, bati Sohokana umuhungu wawe, apfe, kuko yasanganguye igicaniro ca Bayali, agatemagura inkingi ya Ashera yar’ i ruhande yaco.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite